PRENDRE UN TEMPS DE RÉFLEXION, C’EST VITAL AVEC PASTEUR KAGISYE DENIS
Life Center Burundi
0:00 / 0:00
PRENDRE UN TEMPS DE RÉFLEXION, C’EST VITAL AVEC PASTEUR KAGISYE DENIS
294 просмотра · 10 часов назад
Life Center Burundi
40,8 тыс. подписчиков
294 просмотра · 10 часов назад
1 Ab'i Tesalonike 5:21
Umusiguzi 7:25
Imigani 18:12
Bibiliya iraha agaciro kanini gufata umwanya wo kwiyumvira mu buryo bwimbitse hamwe no kurimbura. Niyo nzira yonyene yotuma tudasambura ubuzima bwacu, ahubwo tukabubaho neza twagukiwe.
Ijambo ry'Imana ricika ukuri kw'ubuzima bwacu igihe dufashe umwanya wo kuryigako, kuryiyumvirako, kurisesangura no kurica hirya no hino mu buryo bwimbitse. Aho niho duheza tugashika ku mwihwezo uhava utuviramwo ihishurirwa. Ni umwimenyerezo wamaho dukwiye kwama dushira mu ngiro kugira ngo turushirize kwimatanya n'ijambo ry'Imana.
Ubuzima hamwe n'ivyo tugenda turahuriramwo nabwo bishobora kurema muri twebwe ukuri kutarikwo gushobora kuzotugirira ingaruka mbi muri kazoza kacu. Kugira ngo twitege kubona impinduka nziza mu buzima bwacu, dutegerezwa kwirimbura turi imbere y'Imana, tutishize mu kibanza c'abagiriwe nabi, kugira ngo dushobore gutora inkomoko y'ikinyoma kiganje ubuzima bwacu. Imana itangura kunagura umushaha wacu n'ukuduhindurira ivyiyumviro, biciye mu kudushiriraho ukuri gushasha dukwiye gusubira kwubakirako ubuzima bwacu. Ukwo ni ko uburyo twahora tubonamwo ubuzima bugenda burahinduka ubutagisubira inyuma.
Umuntu wacu w'indani ategerezwa gukira, kuko ukugubwa neza kwacu kutava kubintu vyo hanze bimara akanya gato, ahubwo kuvana n'ingene tumerewe indani muri twebwe. Kuganira n'Imana ni isoko y'ubwenge. Mu kubaho kwayo, dukwiye guha agaciro kurimbura no kubaza ibibazo nyavyo, kugira ngo turonke ukuri kuzoduha umwidegemvyo kuvyari bituboshe.
Abaheburayo 11:31
Yosuwa 2:8-14
Rahabu yarafashe umwanya wo kwihweza ivyo Imana yakoreye abanyisirayeli, araheza ashika ku mwihwezo ko ariyo Mana y'ukuri. Yaciye aja mu ruhande rwabo, bituma we n'umuryango wiwe bakira.
Umwanya wo kwiyumvira ni ntasubirizwa mu buzima bwacu mu gihe twipfuza gushikira umunezero. Ivyo rero birasaba kugira akigoro, kuko ari igikorwa c'ukwamizako. Dutegerezwa gufata umwanya uhagije kugira ngo tuje i bwina, dusese imitima yacu imbere y'Imana, maze tuyihe umwanya ukwiye wo kudutahuza ukuri kwayo.
Muhezagirwe cane!