Перейти к содержимому

FABLICE Yerekanye Aho ISOKO IGEZE😳//Yishuye Abavuga ko YIVYE Amahera😡//KUBAKA AMABARABARA yo HEJURU🚏

African TV

0:00 / 0:00

FABLICE Yerekanye Aho ISOKO IGEZE😳//Yishuye Abavuga ko YIVYE Amahera😡//KUBAKA AMABARABARA yo HEJURU🚏

27 280 просмотров · 1 месяц назад
African TV
196 тыс. подписчиков
27 280 просмотров · 1 месяц назад
#africantv #fablice #franickanswer #isoko UKO USHOBORA KUBA UMUSHORAMITAHE MU KIGEGA CA ONE AFRICA INVESTMENT FUND (1AIF) GITANGA AMAFARANGA YO KWUBAKA ISOKO RIKURU RYA BUJUMBURA: BUJA CITY PLAZA 1AIF/BCP/IPO#2/A002 Guhera kuwa 28/07/2026, Ikigega ca "ONE AFRICA INVESTMENT FUND (1AIF)“, Organisme de Placement Collectif (OPC), ku mugambi wa BUJA CITY PLAZA Umushoramitahe yemerewe kugura imitahe yose yipfuza. Uko ugura imitahe myinshi niko uzokwunguka inyungu nyinshi. Menya kandi ko agaciro k'umutahe w’amadorari kari hejuru y’agaciro k’umutahe w’amarundi. Bimwe mu biri muri ico gitabu ca PROSPECTUS ni ibi: ➡ IKIGUZI C’UMUTAHE: Umutahe wahora ku 103 000 BIF na $103 USD ubu uraduze ku kiguzi ca 111 000 BIF na $111 USD. ➡ AKARUSHO KU BINJIYE MU GICE CA MBERE, KAZOVA KU BINJIYE MU GICE CA KABIRI: Ibice 8% nivyo bigiye kuba inyongeragaciro y’imitahe yose yaguzwe mu gice ca mbere, ni ukuvuga abaguze imitahe bose mu gice ca mbere (Bavyita; Prime d’émission canke Issue premium). Iyo nyongeragaciro ikazova ku mitahe yose igiye kuzogurwa canke kwinjira muri iki gice ca kabiri, ikazogaburwa inyuma y’iki gice ca kabiri giheze haharuwe neza igitigiri c’imitahe yose yinjiye mu gice ca kabiri, kandi abashoramitahe bose bo mu gice ca mbere bazoba bemerewe gutora ako karusho kabo. Akarorero: Hamwe ikigega coba kigizwe n’umuntu yaguze umutahe umwe gusa mu gice ca mbere, hanyuma mu gice ca kabiri hagaca haza umuntu akagura imitahe ibiri gusa, uwo yaguze umutahe umwe mu gice ca mbere yoca aronka inyongeragaciro y’ibice16%. MENYA NEZA: - Abinjiye mu gice ca mbere, no mu gice ca kabiri agaciro k’umutahe kazoguma kangana (Nominal value / Valeur nominale). Uwaguze umutahe mu gice ca mbere aremerewe kugura umutahe / imitahe no mugice ca kabiri, mugabo kukiguzi caho umutahe ugeze. ➡ Iki gice ca kabiri co kugura imitahe kizomara ikiringo gito kitarenga amezi atatu (3) mu bice bitatu vyateguwe bizoza biramenyeshwa mu gihe bigira bitangure. Inyuma y’igice cose umutahe uzoza urashirwako inyongeragaciro haharuwe neza aho ikigega kiba kigejeje kwegeranya imitahe. ➡ Umugambi wa BUJA CITY PLAZA uri mu bice indwi (7). Iki gice ca mbere catanguye kwubakwa, ni inyubakwa y’ubwoko bwa “Shopping Mall” igeretse incuro zitanu (5), harimwo n’igice co munsi kimwe (cave). Izubakwa ku metero kwadarato 3,276m2. Iyi nyubakwa itegekanywa kwubakwa mu kiringo c’imyaka itatu (3). ➡ Umugambi wa BUJA CITY PLAZA, ku gice ca mbere gusa (Phase 1) wahawe ikiringo c’imyaka 24 yo kwisubiza umutahe no gukuramwo inyungu, hanyuma inyubakwa igasubizwa Reta. ➡ UMWIMBU W’UMUSHORAMITAHE KU MWAKA KU MWAKA: Hafatiwe ku vyigwa vy’ubu, ivyigwa vyerekanye ko hategekanijwe umwimbu y’ibice bitari munsi ya 8% ku mwaka ku mwaka kandi bishobora no kurenga ku mutahe umwe, inyuma yuko inyubakwa yatanguye gu korerwamwo. Abashoramitahe bazohora bamenyeshwa umwimbu wabonetse bitarenze kuwa 31 mukwezi kwa 3 buri mwaka. Inyuma yaho umushoramitahe wese azoba yemerewe guhabwa umwimbu wiwe wabonetse ku gitigiri c’imitahe yiwe, biciye kuri nomero ya konte canke ya terefone yatanze igihe yagura umutahe. MENYA NEZA: Izo nomero ziba zatanzwe canke zikandikwa n’umushoramutahe ku rwandiko rwo kwiyemeza kuba umushoramitahe: Acte d’Engagement / Engagement form. Ushobora kurihira aho ariho hose kw’isi kuri banki iyo ariyo yose yemewe n’amategeko ( Ku bari hanze y’Uburundi, uca ukoresha konte y’amadorari (USD) hanyuma ugakoresha ubuhinga bwa SWIFT CODE canke WIRE TRANSFER) canke ONLINE TRANSFER. Uhejeje kuriha umutahe / imitahe yawe uca ubika borodero ya banki (bank receipt) ugaca wuzuza urwandiko rwo kwiyemeza kuba umushoramitahe. Ushobora no gusaba urwo rwandiko canke ukabaza uko worurungika. Urwo rwandiko rutegerezwa kurungikanwa n’urupapuro rwa banki warihiyeko ( BANK RECEIPT / BORODERO ) Copi ya pasiporo canke karangamuntu hamwe n’agafoto kawe. Hamaze kuba isuzumwa ko vyose bihuye uba ubaye umushoramitahe. Ivy vyose bikwiye uba ufise uburenganzira bwo kuronka “TITRE DE PART”. Ushobora kuriha umutahe ucishije kuri aya ma konte: BANCOBU BANK: Izina ry’ikigega: ONE AFRICA INVESTMENT FUND BIF: 19742320101-67 USD: 19742320201-83 _ CRDB BANK: Izina ry’ikigega: ONE AFRICA INVESTMENT FUND _ BIF: 0150802302900 _ USD: 0252802302900 _ UMUCO MICROFINANCE: Izina ry’ikigega: ONE AFRICA INVESTMENT FUND BIF: 15755 _ MANI MICROFINANCE: Izina ry’ikigega: ONE AFRICA INVESTMENT FUND BIF: 1918 _ SWIFT CODE: BCBUBIBI _ SWIFT CODE: CORUBIBU Ushobora guca kuri: www.oneafricainvestmentfund.com _ www.africandreamassets.com _ email: oneafricainvestment.info@gmail.com _ ada.burundi.info@gmail.com _ (+257)76968705 _ (+257)66665979 _ BANCOBU: info@bancobu.com _ (+257) 22 20 67 13. Ninaho ushobora gucisha mu kurungika urwandiko rwo kwiyemeza kuba umushoramitahe. Icicaro c’ikigega: Avenue de la Grèce n° 11, Rohera, Bujumbura, Burundi | Canke mu kibanza kiriko kirubakwako isoko rikuru rya Bujumbura. ‪@NtareRushatsiHouseTV‬ ​‪@FABSVISIONNETWORK‬