CNDD-FDD #Gitega: Abagumyabanga bariko bubaka inyubako bisunze imbonakazoza y'igihugu.
Cndd-Fdd - TV
0:00 / 0:00
CNDD-FDD #Gitega: Abagumyabanga bariko bubaka inyubako bisunze imbonakazoza y'igihugu.
82 просмотра · 6 часов назад
Cndd-Fdd - TV
99,2 тыс. подписчиков
82 просмотра · 6 часов назад
Gitega: Abagumyabanga bariko bubaka inyubako bisunze imbonakazoza y'igihugu.
Icegera c'Umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD, Nshimirimana Cyriaque, yifadikanije n'abagumyabanga bo muri Komine Gitega ku wa gatandatu igenekerezo 3 Gitugutu umwaka w'2026 mu bikorwa rusangi vyo gutanguza ku mugaragaro ibikorwa vyo kwubaka inyubakwa igeretse.
Iyo nyubakwa iriko yubakwa muri zone Rutegama ya komine Gitega, izoba igizwe n'ibiro vy'umugambwe muri komine Gitega, inzu y'amanama hamwe n'uburaro bwo kwakira ingenzi.
Ibikorwa abagumyabanga bakoze akaba ari ivyo guheraheza umushinge, kwegeranya ibikoresho nk'amatafari hamwe n'ibikorwa vyo gukingira iyo nyubakwa.
Mw'ijambo Icegera c'Umunyamabanga mukuru yashikirije, yashimiye Abagumyabanga ku gikorwa c'iteka bariko barakora kandi ko bumvise impanuro batewe n'indongozi ko igihugu cubakwa na beneco. Yashimiye kandi abo bagumyabanga bo muri komine Gitega ko bariko bubaka bisunze imbonakazoza y'igihugu, yongera ahamagarira ayandi makomine gukora nk'uko.
Nshimirimana Cyriaque yibukije abagumyabanga ko igihugu kiri mw'ihiganwa kandi hashigikirwa uwuri ku kivi.
Yarangije asaba abagumyabanga kudasamazwa n'ibihuha ahubwo bakomeze gutsimbataza amahoro n'umutekano na rirya igihugu kiriko citegurira amatora y'Umukuru w'Igihugu.
Na we Umunyamabanga w'umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Gitega, Nshimirimana Georges yamenyesheje ko biyumviriye ico abagumyabanga mu makomine bokora kugira bashigikire imbonakazoza y'igihugu, baca bakoresha amanama abo barongoye kugira batore imigambi y'iterambere bokora.
Yamenyesheje ko amakomine yose ariko yubaka inyubakwa zo kwakira ingenzi n'izo bakoreramwo, hambavu y'ibikorwa vyo kurwiza ibiterwa njabukamazi nk'ivoka n'ikawa.
Mu ntumbero yo gushigikira ivyo bikorwa, Umugambwe CNDD-FDD watanze imifuko y'isima amajana atanu (500).
Na zo imvukira n'abarangurira imirimo muri komine Gitega bakaba bagiye bariyemeza uko bazobandanya baterera kugira iyo nyubakwa yuzure kare