Перейти к содержимому

Intahe y'urupfu n'Ubuzima bwiwe yatumye benshi bumva bokwihana bakazogira iherezo ryiza

Lumière de la paix

0:00 / 0:00

Intahe y'urupfu n'Ubuzima bwiwe yatumye benshi bumva bokwihana bakazogira iherezo ryiza

3 059 просмотров · 3 г. назад
Lumière de la paix
5,01 тыс. подписчиков
3 059 просмотров · 3 г. назад
Intahe y'urupfu n'Ubuzima bwiwe vyatumye benshi bumva bokwihana bakazogira iherezo ryiza. Intahe mu ncamake y'irangiza ry'umuvyeyi Elisabeth, Umupfasoni w'umuhisi Umwungere Madengo Abed-nego: Yarangije ku myaka 100(1922-2022). Igice ca mbere: Ibintu bikuru bitatu vyamuranze: 1)Urukundo rwinshi: Ni kenshi yakira abashitsi benshi, ata mikoro manini, akabaha amazi, akabagaburira, akabaraza harimwo abantu b'imihingo myinshi n'iterambere ritari bgaze. Akazinduka asya ikivunde, akagorobeza kugira aronke ic'abazimana kuko nta nsyo za kijambere zari bgaze. Yari yagutse mu rukundo mu buryo bginshi. Akagira ururimi ruhezagira abandi, ntirubavume 2)Ugusenga: yarakunda gusenga. Umwuzukuru w'imfura yavuze ko azokumbura agatondo kiwe n'umugoroba wiwe. Bavyuka mu gatondo bumva ariko arasenga. Baryama, bakarinda basinzira agisenga. Agasengera abakozi b'Imana, amashengero, igihugu n'abandi benshi. 3)Ubgenge: Yarinze arangiza Ubgenge bgiwe buri ku gihe. Yatanga impanuro zubaka kuri benshi, uzikurikije, akaba amahoro. Akibutsa n'abantu ko kwubaha Imana vyoba bikuru kuko n'ivyo tanguriro ry'ubgenge. Imbere y'uko asozera, yarabgiye abuzukuru ko Imana Sekuru yakorera, bazoyubahe, bayikorera. Abaha indirimbo bazomuririmbira ku maziko, ariyo Cantique212 (Mw'Ijuru hariho isi nziza). Umukozi w'Imana wo mu Ngagara, Diacre Nestor nawe yabonye isinzi ry'abamarayika baje kumutora. Abajije ati ko hahora haza umumarayika umwe gutora urangiza urugendo ? Yishurwa ngo uwo muvyeyi yakoreye mu bugororotsi kand'ibikorwa vyinshi, umeze uko ngo Niko azohora agirirwa. Ati n'umushingantahe wiwe(,Umuhisi Umwungere) ko yakoreye Imana neza, ko ahari ari i ruhande ya Aburahamu kubera yabaye umuhizi adasanzwe. Mu nyuma yumva imikogote ije kumutwara, atumwa yihuta Aho agwariye, agiyeyo, barayaga, aramusengera, mu masaha kanaka, arangiza amahoro. Icubahiro gikomeze kiba ic'Imana. Atumwa no kubgira abakiriho bagororoka, ko ar'ihanga ryibera ukwaryo, ritivanga n'ayandi. Hahirwa abapfa bapfira mu Mwami Yesu Kristo kuko baruhuka ubutame bgabo (IVYAHISHURIWE YOHANA14:13). Amen.