IMISI IRAHITA VUBA — INDIRIMBO ZO GUHIMBAZA IMANA N°280
INDIRIMBO ZO GUHIMBAZA IMANA. и AMAKORASI VIBES
0:00 / 0:00
IMISI IRAHITA VUBA — INDIRIMBO ZO GUHIMBAZA IMANA N°280
126 984 просмотра · 3 месяца назад
INDIRIMBO ZO GUHIMBAZA IMANA. и AMAKORASI VIBES
126 984 просмотра · 3 месяца назад
Imis' irahita vuba,
Irahita yiruka,
Ikigenda benshi bapfa
Batameny' Umukiza.
Har' igikorwa cacu
Tugikoran' umwete,
Tubandanye dukore,
Imis' itarahera.
Irahera, irahera,
Imisi irahera:
Ni tuve hasi twese,
Tureke gukererwa.
Wobib' imbuto z'ivyiza
Mu mitima y'abantu,
Amosozi y'abarira
Woyabahanagura,
Hariho n'abaguye,
Kubavyura ni kwiza,
No guhumur' amaso,
No kuvur' ibisebe.
Irahera, irahera,
Imisi irahera:
Ni tuve hasi twese,
Tureke gukererwa.
Ivyo vyoshobokera nde?
Wewe wobishobora,
Namb' ufise Mpwemu Yera,
N'urukundo rw'Imana:
Ikunda kubiduha
Tubigomvye vy'ukuri:
Tuyisengan' umwete,
Dukor' ivy' imbabazi.
Irahera, irahera,
Imisi irahera:
Ni tuve hasi twese,
Tureke gukererwa.
Ic' Umwami Yes' agomba
N' ukugendana natwe,
Ngw aruhur' abananiwe
Bamutey' ibitugu.
Kandi yaravuz' ati
Uzonyizera wese
Azobgir' imisozi
Ngw itabge mu kiyaga.
Irahera, irahera,
Imisi irahera:
Ni tuve hasi twese,
Tureke gukererwa.
Nta c' utiny' ibir' imbere,
Yes' azogushoboza.
Umuh' umutima wawe,
Awiganzire rwose!
Isi yubahe Yesu!
Yadutsindiy' urupfu
Bo n' abadayimoni:
Ubu ni we dufise.
Irahera, irahera,
Imisi irahera:
Ni tuve hasi twese,
Tureke gukererwa.
Rek' ukwo kwizera guke:
Na ruhebga yokizwa!
Ibuka yuko Paulo
Yar' umwansi w' ivyiza;
Yesu yamuhwikiye
Atabizi na gato,
Ac' akizw' uwo mwanya,
Ab' intumwa ya Yesu.
Irahera, irahera,
Imisi irahera:
Ni tuve hasi twese,
Tureke gukererwa.
Ngo n' ubu, mugende mwese,
Muri kumwe na Yesu;
Mumubgir' abatamuzi,
Na bo baz' abakize.
Nta co mugaburura,
Canke ngo munanirwe,
Mutarabashikana
Ku Mukiz' abifuza.
Irahera, irahera,
Imisi irahera:
Ni tuve hasi twese,
Tureke gukererwa.