INZIRA Y'IHINDUKA KURI BENSHI
MINEVAM Kigobe Church
0:00 / 0:00
INZIRA Y'IHINDUKA KURI BENSHI
461 просмотр · 3 недели назад
MINEVAM Kigobe Church
9,82 тыс. подписчиков
461 просмотр · 3 недели назад
#MINEVAM_KIGOBE_CHURCH
Inzira y'ihinduka kuri benshi
La trajectoire du changement généralisé
1 Tessaloniciens 1:3-10
Intangamarara
Twese twipfuza igihugu ciza:amahoro,iterambere,ingeso nziza,ingo nziza
Twese twipfuza kubona imiryango yacu yarizeye
Twese twipfuza ivyiza ku runganwe canke ku bo dukorana canke umugwi kanaka
Kuba mw'Ishengero ni kuronderera hamwe ico ryatumwe
❓None twe twokora iki?Vyoca hehe ngo bibe
👍Igicapo ca Tesalonike makedoniya na Akaya kiduha umuco
1.Ihinduka kuri benshi riva mw'Ijambo ry'ukuri
V 5,9,10,Ivyakozwe 17:2-4
Le changement vient d'une parole authentique
Ijambo ryubakiye kuri Kristo Yesu
Ijambo ririmwo ububasha buhindura ubuzima bw'abantu
V 3 n'ukwihangana kuva mu kwizigira umwami wacu.....V6 mumaze kwakira ijambo mu marushwa menshi munezerejwe na Mpwemu Yera
Ijambo rifatisha umuntu ingingo yo kwizera no guhinduka
V5 no kumara amazinda
V9 Kandi ingene mwahindukiriye Imana mukareka ibigirwamana
V10 mwitege umwana wayo..
2. Ihinduka ry'ukuri rifasha abantu kwubaka imigenderanire hagati y'abandi
V3 twibuka ubutuma bwanyu buva mu rukundo
v6 namwe mwaratwiganye...
Imigenderanire yabaye iyo:
Gukoreranirana basunitswe n'urukundo:kwitanaho,kurondera inyungu n'agaciro ka mugenzawe
Imigenderanire yabaye iyo kwubaha abarongozi
Imigenderanire ni ikirungo c'igikorwa c'Imana
3.Ihinduka kuri benshi riva ku muntu rigasubira ku mugwi |urunganwe maze rigafata akarere canke ihanga
7-8
Ihinduka ry'intumwa ryafashe umugwi w'abizera b'i Tesalonike.Ab'i Tesalonike babaye inyanduruko yo guhinduka kw'i Makedoniya maze hasubira intara ya Akaya.
Paul na Sila bavuyemwo Tessalonique
Tessalonique yavuyemwo Makedoniya
Makedoniya yavuyemwo Akaya
Indunduro
Wipfuza iki?Ugendera muri bande?Ijambo wobafashisha ni irihe?Uriko ukora iki muri bo?
Korana n'Imana iguhindure hama abandi bashikirwe