The 10 commandments zakusaidia Kila Moja kufwata njia yake Mungu ✍🏼✍🏼✍🏼✍🏼✍🏼✍🏼✍🏼
Tumaini TV official
0:00 / 0:00
The 10 commandments zakusaidia Kila Moja kufwata njia yake Mungu ✍🏼✍🏼✍🏼✍🏼✍🏼✍🏼✍🏼
46 просмотров · 2 дня назад
Tumaini TV official
139 подписчиков
46 просмотров · 2 дня назад
IVYAGEZWE 10 VYIMANA HAMWENICAGEZWE GIKURU ARICO RUKUNDO
part1
kuvayo 20:1-...
20a Imana ivuga aya majambo yose,
2 b c iti Nd' Uhoraho Imana yawe, yagukuye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y'ubuja.
3 d Ntukagire izindi mana umbangikanya.
4 e Ntukibazire igishushanyo, cank' igisa n'ishusho y'ikintu na kimwe kiri hejuru mw ijuru, canke hasi kw isi, canke mu mazi yo mu biyaga; 5 f ntuz' uvyikubite imbere, ntuz' ubisabe, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nd'Imana ifuha, mpora abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku runganwe rugira gatatu no ku rugira kane rw'abanyanka, 6 g nkagirira ikigongwe abankunda, bakitondera ivyagezwe vyanje, nkageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi.
7 h Ntugapfe kuvuga izina ryanje, jewe Uhoraho Imana yawe, ku vy'ubusabusa; kuk' uworivuga ku vy'ubusabusa, jewe Uhoraho ntobura kubimuhora.
8 i Wibuke kuziririza umusi w'isabato. 9 j Mu misi itandatu uz' ukore, abe ari yo ukoreramw' ibikorwa vyawe vyose: 10 k arik' umusi ugira indwi ni wo sabato yanje, jewe Uhoraho Imana yawe. Ntukagire igikorwa na kimwe ukora kuri wo, wewe ubgawe, cank' umuhungu wawe, cank' umukobga wawe, cank' umugurano wawe, cank' umuguranokazi wawe, cank' inka zawe, cank' uw' inyambukira aba i wawe: 11 l kukw imisi itandatu ari yo jewe Uhoraho naremyemw' ijuru n'isi n'ikiyaga n'ibiri muri vyo vyose, nkaruhuka ku musi ugira indwi: ni co catumye jewe Uhoraho mpezagira umusi w'isabato, nkaweza.
12 m Wubahe so na nyoko, kugira ng'urambire mu gihugu jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha.
13 n Ntukice.
14 o Ntugasambane.
15 p Ntukibe.
16 q Ntukagirize ibinyoma mugenzawe.
17 r Ntukifuze inzu ya mugenzawe, ntukifuze umugore wa mugenzawe, cank' umugurano wiwe, cank' umuguranokazi wiwe, cank' inka yiwe, cank' indogoba yiwe, cank' ikintu na kimwe ca mugenzawe.
18 s Abantu bose bumvise ya mituragaro, babonye ya miravyo, bumvise n'ijwi rya ya nzamba, babonye na wa musozi upfunduka umwotsi, baterwa n'ubgoba bahinda agashitsi, barasuha bahagarara kure. 19 t Babgira Mose, bati Ba ari wewe utubarira, ni ho twovyumva: arikw Imana yoye kuba ari yo itwibaririra, ntiduhave dupfa. 20 u Mose yishura abantu, ati Ni muhumure: kukw Imana ije kubagerageza, kugira ngw igitinyiro cayo came imbere yanyu, mwoye gukora icaha. 21 Nukw abantu baguma ngaho aho bahagaze kure, ariko Mose yegera wa mwiza w'umuzitanya ah' Imana iri.
Ivy' igicaniro c'ibimazi