Nzohaguruka by Pueri Cantores St Dominique Savio Paroisse St Famille/Kinama lyrics vid
Singizwa Nyagasani Yezu
0:00 / 0:00
Nzohaguruka by Pueri Cantores St Dominique Savio Paroisse St Famille/Kinama lyrics vid
45 821 просмотр · 4 г. назад
Singizwa Nyagasani Yezu
40 тыс. подписчиков
45 821 просмотр · 4 г. назад
R/ Jewe nzohaguruka maze ndirimbe, ndirimbire Imana (x2)
Ntambe, ntambe niyereke, ndayiririmbe rirenge. Ndayiyage kuko ihambaye, ntayindi Mana ihwanye nayo.
1/ Mukama nzama ndakuririmba iminsi yose y’ubuzima bwanje, nzama nshimagiza izina ryawe kuko atawundi ahwanye nawe Mana
Kuko ivyiza wama undonsa Mana ni vyinshi cane ntako nobivuga, kuko iteka wanteye Mana risumba ayandi mateka yose.
2/ Nzama mpimbaza Imana yanje nshemeze izina ryayo rudasumbwa, n’ibiremwa vyose yiremeye ntibizotangwa kuyishimagiza.
Majuru musamirize impundu abana bayo bayiririmbire, inyamaswa ziyitambire ibiyaga imisozi vyiyereke.
3/ Umutima wanje uzama ushima Imana yanje iminsi yose, igihe cose nzoba nkiriho sinzotinya kuyishingira intahe.
Umutima wanje ntuzoreka gushima ubwiza n’ubuntu bw’Imana, ururimi rwanje ruzama ruyaga ishimwe ry’Imana yanje.