IRYUBAHWA BY UMUYANGE LEGACY
Umuyange Legacy Club
0:00 / 0:00
IRYUBAHWA BY UMUYANGE LEGACY
7 311 просмотров · 5 месяцев назад
Umuyange Legacy Club
7,74 тыс. подписчиков
7 311 просмотров · 5 месяцев назад
Amajambo agize uruvyino
1. Hinge ntambe umuyange,
Nikime nk'umuyange,
Nkimbagire nk'irenga,
Nta nkeka rirarenga,
Hinge nambare inkindi,.
Mpeze nimare ingimbi,
Ntawakize urugamba,
Adashengeye i Magamba
Iyo ngoma irahuhuma
Vuna isambwe iryubahwa ririmwo amahwa
2. Abatazi umuyange,
Nimuje ku ruhande,
Abawuzi dutambe,
Intambo y'abatsinze,
Itsinda ry'abahungu,
N'abarondo b'ubuntu,
Baratamba nk'inyange,
Ku mariba y'inyambo,
Iyo ngoma irahuhuma
Vuna isambwe iryubahwa ririmwo amahwa
3. Mbega yemwe ni bande,
Bene inanga n'ibanga,
Bene ihanga rigorwa,
rikazira kugoka,
Ryayobeye abahigi,
Be n'intozo umuroyo,
Inzogera ziyaga
Amacumu aca ibigango
Iyo ngoma irahuhuma
Vuna isambwe iryubahwa ririmwo amahwa
4. Sama data muyange,
Abakunzi tukwumve,
N'ayo abanka umuyange,
Bibure bawutinye,
Agasato k'imbwebwe,
Kambarwa bagatinya,
Ntawisasira urwaga,
Aba aguye mu kaga
Iyo ngoma irahuhuma
Vuna isambwe iryubahwa ririmwo amahwa
5. Bingagira nk'itimbi,
Ucacanye nk'urucaca,
Uwaguteze agaca,
Bwakeye acura intimba,
Ka karima nk'intati,
Katigera kabagarwa,
Ibiteza n'urwiri,
Bikanyoha turaba,
Iyo ngoma irahuhuma
Vuna isambwe iryubahwa ririmwo amahwa
6. Shinga igaba muyange,
Wiyegeke akaranga,
Akaranga k'Uburundi,
Kazingamye utaraza,
Uwo Imana yahaye,
Yamugize Umuyange,
Iryo banga ni ikindi,
Banga ingata rishore,
Iyo ngoma irahuhuma
Vuna isambwe iryubahwa ririmwo amahwa
7. Akarangamuyange,
Koyaga abagenya uburo,
Uwarambiwe atashe,
Uwarambije akumva,
Hinge nsezere ngende,
N'agahwane bakunzi,
Muhorane urukundo,
Ubuntu n'akaranga.
Iyo ngoma irahuhuma
Vuna isambwe iryubahwa ririmwo amahwa
Uruvyino IRYUBAHWA ruri mu mudiho w'ubusambiri utambwa cane mu ntara y'Ubuyogoma.
Umwanditsi: Mwěnimâna
Umudihamudiho: DIAMANTAH
Umurimbanyamashusho: VYANYUMA SCHADRACK
INGEYO: UMUYANGE LEGACY