IVYUZUYE MURI KRISTO NIVYO TWAHAWEKO
MINEVAM Kigobe Church
0:00 / 0:00
IVYUZUYE MURI KRISTO NIVYO TWAHAWEKO
400 просмотров · 11 мес. назад
MINEVAM Kigobe Church
9,98 тыс. подписчиков
400 просмотров · 11 мес. назад
#MINEVAM_KIGOBE_CHURCH
Theme: IVYUZUYE MURI KRISTO NIVYO TWAHAWEKO.
Yohana 1:1-18
1 Ubga mbere na mbere Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n’Imana, kand’ uwo Jambo yar’ Imana.
2 Uwo yahoranye n’Imana ubga mbere na mbere;
3 vyose vyaremwe na we, mu vyaremwe vyose nta kintu na kimwe kitaremwe na we.
4 Muri we hārimw’ ubugingo, kand’ ubgo bugingo bgar’ umuco w’abantu.
5 Uwo muco wākira mu mwiza, arik’ umwiza ntiwawākiriye.
6 Haje umuntu yatumwe n’Imana, izina ryiwe ni Yohana;
7 uwo yazanywe no kuba igishingantahe, ngw ashingire intahe umuco, kugira ngo bose bizere kubgiwe.
8 Uwo si we wa muco, ariko kwar’ ugushingira intahe umuco.
9 Umuco w’ukuri, wākira umuntu wese, warik’ uraza mur’ iyi si.
10 Yari mw isi, kand’ isi yaremwe na we, arikw isi ntiyamumenya;
11 yaje mu vyiwe, arikw abiwe ntibāmwākiriye.
12 Arikw abāmwākiriye bose yabahaye ububasha bgo gucika abana b’Imana, ni bo bizeye izina ryiwe,
13 ni bo batāvyawe n’amaraso, canke n’ukwifuza kw’ umubiri, canke n’ukwifuza kw’ umugabo, ariko bāvyawe n’Imana.
14 Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.
15 Yohana amushingira intahe, arasemerera, at’ Uwo ni we navuze, nt’ Ūza inyuma yanje ni we yar’ uwa mbere kuri jewe, kuko yariho ntarabaho.
16 Kukw ibibōgabōga muri we ari vyo twahaweko twese, n’ubuntu bugerekeranye n’ubundi.
17 Kukw ivyagezwe vyazanywe na Mose, ubuntu n’ukuri vyazanywe na Yesu Kristo.
18 Nta muntu yigeze kubona Imana na rimwe; Umwana w’ikinege aba mu gikiriza ca Se ni we yayimenyekanishije.
Ab’i Filipi 1:21
Kuko kubganje kubaho ari Kristo, kandi gupfa ar’ inyungu.
Ab’i Filipi 3:7-10
7 Arikw ivyahora bimbera inyungu ndavyiyumvira kw ar’ ubuhombe kubga Kristo
8 Eka mbere n’ibintu vyose ndavyiyumvira kw ar’ ubuhombe, kubg’ ikibirengeye, ni co kumenya Kristo Yesu Umwami wanje. Kubg’ uwo nahomvye ibintu vyose, ndavyiyumvira kw ar’ ishano, kugira ngo ndonke Kristo,
9 kandi mboneke ko ndi muri we, ntafise ukwanje kugororoka, kumwe kuva mu vyagezwe, ariko mfise kumwe kuzanwa no kwizera Kristo, ni kwo kugororoka kuva ku Mana, guhabga uwizeye,
10 ngo ndamumenye, mmenye n’ubushobozi bg’ukuzuka kwiwe, n’ugufatanya na we imibabaro yiwe, nshushanywe n’urupfu rwiwe,
Yohana 20:21
Yesu yongera kubabgira, at’ Amahoro abe muri mwebge. Nk’uko Data yantumye ni ko nanje mbatumye.
Ivyakozwe N’intumwa 10:38
rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingen’ Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we.