Перейти к содержимому

ITEGURIRE GUSHINGA INTAHE

MINEVAM Kigobe Church

0:00 / 0:00

ITEGURIRE GUSHINGA INTAHE

537 просмотров · 9 дн. назад
MINEVAM Kigobe Church
9,98 тыс. подписчиков
537 просмотров · 9 дн. назад
#MINEVAM_KIGOBE_CHURCH . ITEGURIRE GUSHINGA INTAHE, IVYAKOZWE N'INTUMWA 20:18-21 INTANGAMARARA Imana ifise uburyo bwinshi bwerekana ko iriho:Ivyaremwe nka Kahise k'isi vyerekana ko ibaho. Ariko harakenewe icerekana Ico iri n''umugambi wayo wo muri Kristo :Yaracunguye isi ariko si Bose bamaze kwakira agakiza kayo. Umugambi w'agakiza yawushikishije Kristo Yesu ariko iwusigarana abantu ngo babe ibishingantahe vyako Matayo 28:19-20,Luka 24:48 Ariko Kenshi usanga abantu batiteguye neza Kuba abashingira intahe Yesu Hari uburyo butatu twokwiteguramwo 1.Gutahura icarico kwihana no kwizera umwana w'Imana ...nashinze intahe mu bayuda no mu bagiriki yo kwihana no kwizera umwana w'Imana.. Gutahura igikorwa c'Imana muri Kristo :urukundo ruhuye n'ukugoroka vy'Imana Efeso 2:4-5,Yesaya 53:4-6,2 Korinto5:19,21 Ukwihana kuva mu Gutahura urukundo rw'Imana n'umutima wayo Ukwihana kuva mu kwemera gutsindwa imbere yayo 1 Korinto1:20-25 Abayuda basabwa gutsindwa no kudashitsa ivyagezwe kuko ata wo vyigeze gutsindanishiza n'umwe Abagiriki basabwa Gutahura ko ubwenge bwabo atari bwo bwokuraho icaha cabo kandi ko atari bo basuzuma uburyo Imana ikora bakoresheje ubwenge bwabo Kwihana (matanoia) ni guhindurwa intumbero canke iyo uja Kwihana ni yo nzira ishika ku mutima w'Imana Kwihana niyo nzira yo gukora urubanza Kwihana niyo nzira n'amahoro Kwihana niyo nzira yo kwakira ubushobozi bw'Imana Ivyakozwe n'intumwa 3:19 2. Intahe uyishingisha ubutumwa bwiza, V20. Kumenya urutonde rw'ubutumwa bwiza Kurondera akaro kose uronse(Umuryango akarorero Koroneriyo, ivyakozwe n'intumwa 10),imigenderanire(Yesu n'abigishwa b'i Emmaüs,Luka 24), akazi (Tabitha, ivyakozwe n'intumwa 9:36-45),etc Kumenya imigwi iri aho urumbereye :abanyedini,imboregwa,abandaza imibiri,abacira urubanza ishengero,abanyepolotike,abanyabwenge,abadandaza,aba isilamu,abacatholique,abigisha muri Kaminuza,abaconvoyeur,urwaruka,etc 3.Kubaho Ubuzima buranga ubutumwa bwiza wakiriye V18-19 Murazi ingene nabana namwe... Nciye bugufi Ndira Nterwa n'ibibingerageza.. Ico wigishishije ingeso kiroroha Gutahura kurusha Ico wigishishije amajambo Niyo nzira ikenewe mu gihe intahe y'ishengero yononekaye Ingeso nziza,impuhwe ku bandi, intahe mu kazi ,mu rugo,mu muvukano bituma abantu batahura Yesu wawe INDUNDURO Intahe yawe: Menya umutima w'Imana muri Kristo,Koresha akaryo ko kuvuga ubutumwa bwiza kandi ihinduka rizotuma batahura ivyo uriko uravuga