Перейти к содержимому

IZABURI Y'IDOMINIKA YA 25 A. INYIGISHO: "KUBERA IKI UGIRA INZIGO IYO IMANA IGIRIYE NEZA MUGENZAWE?"

Ijwi ry'izaburi

0:00 / 0:00

IZABURI Y'IDOMINIKA YA 25 A. INYIGISHO: "KUBERA IKI UGIRA INZIGO IYO IMANA IGIRIYE NEZA MUGENZAWE?"

1 032 просмотра · 12 дней назад
Ijwi ry'izaburi
1,91 тыс. подписчиков
1 032 просмотра · 12 дней назад
Bavukanyi, murakaza neza kuri IJWI RY’IZABURI, ijwi ridufasha kuzirikana Ijambo ry’Imana no kurushiriza kwegera Umukama. Muri iyi video, turazirikana ibisomwa vyo kuri Dominika ya 25 y’igihe gisanzwe, Umwaka A. Ubutumwa bukuru bw’uyu musi ni uko ubuntu n’inzira z’Imana birarengeye ivyiyumviro n'ibiharuro vy’umuntu. Mu gisomwa ca mbere, umuhanuzi Izaya araduhamagarira kurondera Umukama, kureka inzira mbi no kumugarukako, kuko Imana igira imbabazi nyinshi. Aratwibutsa ati: «Ivyiyumviro vyanje si vyo vyiyumviro vyanyu, kandi inzira zanyu si zo nzira zanje.» Izaburi iradufasha kumenya Umukama nk’Imana yuzuye impuhwe n’ubuntu, igirira bose neza kandi ikaba hafi y’abayirondera mu kuri. Mu gisomwa ca kabiri, Pawulo aratwereka ko kubaho muri Kristu atari ukubaho ku bwacu gusa, ahubwo ari ukubaho ku bw’abandi, tubafasha kandi tukabagirira akamaro. Mu Nkuru Nziza, Yezu aduha umugani w’abakozi bo mu ruzabibu. Abakoze umusi wose n’abakoze isaha imwe bahabwa idenariyo imwe. Aha Yezu aratubaza ati: «Mbega ijisho ryawe ni ribi kuko jewe ndi mwiza?» Iyi Nkuru Nziza iraduhamagarira kureka ishari, ukwigereranya n’abandi no kwibaza igituma Imana igirira neza uwundi muntu. Ubuntu Imana igirira uwundi ntibugabanya ubuntu yaduhaye twebwe. Muri iki gihe co kuzirikana, twibaze: Mbega ndanezerezwa iyo Imana igiriye neza uwundi muntu? Mbega ndashobora kureka kwigereranya n’abandi? Mbega nizeye ko ubuntu bw’Imana buruta uko ubwenge bwanje bushobora kubwiyumvira? Nimuze twugurure imitima yacu, twige kwizigira Umukama, kunezerwa n’ineza agirira abandi no kwakira ubuntu bwiwe. Umukama ni mwiza kuri bose, kandi ubuntu bwiwe ntibupimirwa ku mibare yacu. Ntimwibagire gukurikira no gusangira iyi video kugira ngo ubutumwa bw’Ijambo ry’Imana bushikire abandi. #IjwiRyIzaburi #DominikaYa25 #UmwakaA #UbuntuBwImana #InkuruNziza #Izaburi #YezuKristu #IjamaboRyImana #EkleziyaGatolika