Visite de l' #ISABU
MINEAGRIE BURUNDI TV
0:00 / 0:00
Visite de l' #ISABU
595 просмотров · 6 л. назад
MINEAGRIE BURUNDI TV
3,39 тыс. подписчиков
595 просмотров · 6 л. назад
Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije #"EmmanuelNDORIMANA afadikanije n’Umuyobozi Mukuru wa ISABU #""AlfredNIYOKWISHIMIRA, baratunganije urugendo kumagenekerezo ya 23, 24 na 25 Nyakanga umwaka w’2020, mubigo vya Isabu biri i Gisozi muntara ya Mwaro, i Mahwa muntara ya Gitega n’i Bukemba muntara ya Rutana.
Intumbero nyamukuru y’urwo rugendo kwari ukugira barabire hamwe ingene ivyo bigo biriko birakora, kandi bashobore no kuganira n’abakozi kubijanye n’ingendo nshasha ya Leta nkozi kandi Mvyeyi ; kabaye n’akaryo keza ko kwereka abakozi bakorera mur’ivyo bigo umuyobozi mukuru mushasha.
Alfred NIYOKWISHIMIRA Umuyobozi mukuru wa Isabu yarashoboye kwibonera neza ingene ivyo bigo bitunganijwe, arabaha n’impanuro z’ingene bagiye gukorana.
Emmanuel NDORIMANA Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’Uburimyi Ubworozi n’Ibidukikije yarashikirije abakozi b’ivyo bigo ingendo nshasha ya leta NKOZI kandi MVYEYI.