Afise amashure abiri gusa // Yakoze urugomero rwakiriza amatara umutumba wose
AKEZA TV
0:00 / 0:00
Afise amashure abiri gusa // Yakoze urugomero rwakiriza amatara umutumba wose
6 315 просмотров · 1 день назад
AKEZA TV
230 тыс. подписчиков
6 315 просмотров · 1 день назад
Kenshi mu buzima, ibihe bibi umuntu acamwo, vyama bimukomeza, bikamutuma yiyumvira ukuntu atorera umuti bimwe mu bibazo biba bimubakiye.
Niko tubisanga no kuri Jean Bosco NZISABIRA, Umurundi afise amashure abiri gusa, ariko yashoboye kwubaka urugomero rw’umuyagankuba, agaburira imihana irenga 120, n’amazu rusangi 30 y’umutumba abayeko, agizwe n’amavuriro, amasengero, amashure, eka mbere araha n’ibiro vy’abatware bamwe bamwe bakorera muri zone iwabo.
Abantu baramwa, bagashariza amaterefone, bakaboneshereza amabotike, n’iyindi myuga mito mito idasaba umuyagankuba mwinshi. Uwo Jean Bosco aherutse mbere no gutsindira imiriyoni 20, mw’ihiganwa « INKEREBUTSI Day», ryatunganijwe na Paeej-Burundi, rihagarikiwe n’Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye.
Kaze mukurikirane kino kiganiro, aho twashoboye kumugendera mw’ijoro, kugirango twirabire uko yahinduriye ubuzima abo ku gatumba iwabo.