MWIZIGIRE UMWUMVIRE CANE — Trust and obey | INDIRIMBO ZO GUHIMBAZA IMANA N°190
INDIRIMBO ZO GUHIMBAZA IMANA.
0:00 / 0:00
MWIZIGIRE UMWUMVIRE CANE — Trust and obey | INDIRIMBO ZO GUHIMBAZA IMANA N°190
35 334 просмотра · 4 месяца назад
INDIRIMBO ZO GUHIMBAZA IMANA.
73,8 тыс. подписчиков
35 334 просмотра · 4 месяца назад
Tujanye na Yesu,
Tumwumviye cane,
Twogendera mu muco wiwe,
Akatuyobora,
Akabana natwe
N'abamwizer' uko bangana.
Mwizigire,
Umwumvire cane,
Ni ho womuronkamwo
Akaneza kenshi.
Ntihakingirizwa,
Nta gicu gikuba,
Yes' amwenyuye kireyuka,
Nta bgoba buriho,
Cank' umubabaro,
Bimarwa n'uko tumwizeye.
Mwizigire,
Umwumvire cane,
Ni ho womuronkamwo
Akaneza kenshi.
Amarushwa yose
Ntiyotubabaza,
Ni w' aduhembur' imbu zose;
Ivyo twita bibi
Bitubera vyiza,
Tumwizigiye, tumwumviye.
Mwizigire,
Umwumvire cane,
Ni ho womuronkamwo
Akaneza kenshi.
Ntitwokwiyungura
Kugir' akaneza
Tudakijijw' ivy' isi vyose,
Kuk' ubuntu bgiwe
N'imbabazi ziwe
Ar' impera y'abamwizeye.
Mwizigire,
Umwumvire cane,
Ni ho womuronkamwo
Akaneza kenshi.
Tumugiye hafi
Tukamugendako,
Twoba tugirirany' ubumwe,
Maze yodutuma
Tugaca tugenda,
Tukamwumvira tumwizeye.
Mwizigire,
Umwumvire cane,
Ni ho womuronkamwo
Akaneza kenshi.